Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana nâukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ?
Ikibazo Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana nâukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ? Inyishu Imbere ya vyose, ukwariko kwose umuntu yosobanura ivyerekeye ukwahukana, ni ngombwa kwibuka amajambo ari muri Malaki 2:16: âKuko nanka ivyo kwahukana, ni kâUhoraho Imana yâAbisirayeli agize.â Dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, ukubana ni ikintu abantu biyemeza mu kubaho kwabo kwose. âBituma batakiri…
Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana nâukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ?
Imbere ya vyose, ukwariko kwose umuntu yosobanura ivyerekeye ukwahukana, ni ngombwa kwibuka amajambo ari muri Malaki 2:16: âKuko nanka ivyo kwahukana, ni kâUhoraho Imana yâAbisirayeli agize.â Dufatiye ku vyo Bibiliya ivuga, ukubana ni ikintu abantu biyemeza mu kubaho kwabo kwose. âBituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umweâ (Matayo 19:6). Imana yari izi, naho biri uko, ko ugutandukana kuzobaho kuko ukubana ari ukwâabantu babiri kandi bose bâabanyavyaha. MwâIsezerano rya Kera, yarashizeho amategeko amwe amwe yo gukingira uburenganzira bwâabahukanye, cane cane ku bagore (Gusubira mu Vyagezwe 24:1-4). Yesu yarerekanye ko ivyo vyagezwe vyatanzwe kubera ugukomantara wkâimitima yâabantu, atari kubwâubugombe bwâImana (Matayo 19:8).
Impari zerekeye ukumenya nimba Bibiliya yemera ukwahukana no kurongora/kurongorwa ubwa kabiri bihagaze ubwa mbere ku majambo Yesu yavuze muri Matayo 5:32 na 19:9. Amajambo avuga ngo âatamuhoye ubusambanyiâ ni co kintu conyene umuntu yohagararako mu vyanditswe gishobora gutuma Imana yemera ko umuntu yahukana canke akarongora/akarongorwa nâuwundi muntu. Abasobanuzi benshi ba Bibiliya batahura ko ayo majambo avuga ku busambanyi bubaye mu gihe co kureshanya. Mu migenzo yâAbayuda, umusore nâumukobwa bafatwa nkâaho bubakanye no mu gihe co kureshanya (fiançailles). Dufatiye kuri ico ciyumviro rero, iyo habaye ubusambanyi muri ico gihe, ni yo mvo yatuma habaho ugutandukana.
Yamara, ijambo ryâIkigiriki risobanura âubusambanyiâ ni ijambo rishobora gusobanura ubusambanyi bwâuburyo bwose. Bushobora kuba ubusambanyi hagati yâabatubakanye, ubumaraya, ukurenga ibigo, nâibindi. Birashoboka ko Yesu yariko aravuga ko ukwahukana kwemewe igihe umwe mu bubakanye asambanye. Uguhuza ibitsina ni kimwe mu bintu bigize ukubana: âbakaba umubiri umweâ (Itanguriro 2:24; Matayo 19:5; Abanyefeso 5:31). Kubwâivyo, ukurenga urwo rubibe biciye mu guhuza ibitsina hanze yâurugo gushobora kuba impamvu yemewe yo kwahukana. Gurtyo rero Yesu na we yaravuze ivyo kwongera kurongora/kurongorwa. Amajambo âakabira uwundiâ (Matayo 19:9) arerekana ko ukwahukana no kwongera kurongora/kurongorwa vyemewe mu bihe bisa nâibivugwa muri ayo majambo uko yosobanurwa kwose. Aha rero ni ngombwa kumenya ko uwutasambanye mu bubakanye ari we yemerewe kwubakana nâuwundi muntu. Naho bitavugwa mu gisomwa, ukwemererwa kwubakana nâuwundi muntu ni imbabazi Imana iba igiriye uwutasambanye, atari ku wasambanye. Birashoboka ko uwasambanye na we ashobora kubana nâuwundi muntu, mugabo ntitubibona muri iki gisomwa.
Abandi nabo batahura ko 1 Abâi Korinto 7:15 ari uwundi murongo wemerera umwe mu bubatse kurongora/kurongorwa nâuwundi muntu igihe yari asanzwe abana nâumuntu atarakizwa maze uwo muntu agahitamwo gutandukana na we. Yamara, uwo murongo ntutomora ko yemerewe kubana nâuwundi muntu, ariko uvuga ko afise uburenganzira bwo kutabandanya kuguma bubakanye mu gihe uwo bubakanye adakijiwe kandi agahitamwo gutandukana na we. Abandi nabo bavuga ko gufata nabi uwo mwubakanye canke gufata nabi abana ari imwe mu mvo zumvikana zishobora gutuma habaho ukwahukana naho Bibilya itabivuga. Naho ivyo bishoboka, si vyiza kubishira kwâIjambo ryâImana kuko ritabivuga.
Rimwe na rimwe, naho ubusambanyi bwoba bwabaye, ntibisobanura ko abubakanye baca batandukana nkâaho ata yindi nzira iriho. Naho vyoba vyagenze gurtyo, abubakanye barashobora kwiga kubabarirana no kwongera gusanura imigenderanire yabo bafashijwe nâubuntu bwâImana. Imana yaraduhariye ibirengeye ivyo. Kubwâivyo dushobora gukurikiza akarorero kayo maze tugatanga imbabazi no kucaha co kurenga ibigo (Abanyefeso 4:32). Yamara kandi, akenshi usanga uwo yakoze icaha co gusambana, bimugora kwihana, ahubwo akabandanya muri iyo nzira nyene. Ni muri ico gihe bishoboka ko ivyanditswe muri Matayo 19:9 bica bishirwa mu ngiro. Abenshi naho baca bihutira kubana nâabandi bantu inyuma yo gutandukana nâabo bahora bubakanye aho kwitonda kugira ngo barabe ko kumbure bwoba ari ubugombe bwâImana ko bigumira uko. Hari igihe Imana ihamagarira abantu kwigumira uko bari kugira ngo bayikorera badafise ibibasamaza (1 Abâi Korinto 7:32-35). Ukwubakana nâuwundi muntu birashoboka, ariko ntibisobanura ko ata yindi nzira iriho.
Birababaje ukubona ko ibitigiri vyâabahukana mu bakijiwe bisa nâibigomba kungana nâivyâabadakijijwe. Bibiliya irerekana neza ko Imana yanka ukwahukana (Malaki 2:16) kandi ko ugusubiza hamwe nâukugirirana ikigongwe ari vyo biranga ubuzima bwâuwizera Kristo (Luka 11:4; Abanyefeso 4:32). Yamara, Imana irerekana ko ugutandukana gushobora kubaho no mu bana bayo. Umukristo yahukanye canke yubakanye nâuwundi muntu ntakwiye kwiyumvira ko Imana itamukunda co kimwe nâabandi, naho imvo yoba yarabiteye itari imwe ivugwa muri Matayo 19:9. Imana irashobora no gukoresha ukutayumvira kwâAbakristo kugira ngo ishitse intumbero zayo nziza.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbega Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukwahukana nâukurongora/ukurongorwa ubwa kabiri ?