Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ?
Ikibazo Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ? Inyishu Umubatizo rukristo ni kimwe mu bintu bibiri Yesu yategetse ishengero gukora. Imbere yâuko aduga mwâijuru, Yesu yavuze ati, âNuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mwâizina rya Data wa twese nâiryâUmwana nâirya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa…
Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ?
Umubatizo rukristo ni kimwe mu bintu bibiri Yesu yategetse ishengero gukora. Imbere yâuko aduga mwâijuru, Yesu yavuze ati, âNuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mwâizina rya Data wa twese nâiryâUmwana nâirya Mpwemu Yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero wâisiâ (Matayo 28:19â20). Ayo mabwiriza aratomora neza ko ishengero rifise igikorwa co kwigisha Ijambo rya Yesu, guhindura abantu abigishwa, no kubatiza abo bigishwa. Ivyo bitegerezwa gukorerwa hose (âamahanga yoseâ) gushika âku muhero wâisi.â Kubwâivyo umubatizo urafise akamaro kuko Yesu yategetse ko ukorwa.
Nâimbere yâuko ishengero ritangura, umubatizo wariho. Mu gihe ca kera, Abayuda barabatiza abantu bashasha binjiye mwâidini ryabo kugira ngo berekane ko akamere kabo âkartyorowe.â Yohana Umubitizi yakoresheje umubatizo mu kwerekana inzira yâUmwami Imana, nuko asaba abantu bose, atari abanyamahanga gusa, kubatizwa kuko bose bakwiye kwihana. Yamara umubatizo wa Yohana usigura ukwihana uratandukanye nâumubatizo wâAbakristo, nkâuko tubibona mu Vyakozwe nâIntumwa 18:24â26 and 19:1â7. Umubatizo wâAbakristo ufise insobanuro ihambaye kurusha uwa Yohana.
Umubatizo ugirwa mwâizina rya Data, Umwana, na Mpwemu Yera â ico nico kiwugira umubatizo âwâAbakristo.â Umuntu yemerwa kuba umwe mu bagize ishengero biciye muri iryo tegeko rya Yesu Kristo. Igihe dukijijwe, tuba âtubatijweâ na Mpwemu tukaba umwe mu bagize Umubiri wa Kristo, ari ryo shengero. 1 Abâi Korinto 12:13 havuga ngo: âKuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cankâAbagiriki, naho boba abagurano cankâabidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.â Umubatizo wâamazi ni âisubaramwoâ ryâumubatizo wa Mpwemu.
Umubatizo wâAbakristo ni bwo buryo umuntu yaturamwo ukwizera kwiwe no kuba umwigishwa wa Yesu. Igihe umuntu ari mu mazi agira abatizwe, aravugira ku mutima ati, âNdatuye ko nizera Kristo; Yesu yarogeje umutima wanje awukuramwo ivyaha, ubu rero mfise ubugingo busha bwejejwe.â
Umubatizo wâAbakristo urerekana mu buryo bugaragara urupfu, uguhambwa nâukuzuka kwa Kristo. Urongera ukerekana muri uwo mwanya nyene ugupfa kwacu ku caha nâubugingo busha muri Kristo. Igihe umunyavyaha yatura Yesu nkâUmwami, aba apfuye ku caha (Abaroma 6:11) akazukira ubundi buzima bushasha (Abâi Kolosayi 2:12). Ukwibizwa mu mazi bisobanura ugupfa ku caha, ukuva mu mazi na kwo gusobanura ubugingo bwejejwe bukurikira agakiza. Abaroma 6:4 habisobanura muri aya majambo: âNone rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nkâuko Kristo yazuwe mu bapfuye nâubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.â
Mu majambo make, umubatizo ni ikimenyetso câinyuma kiranga ihinduka ryabaye imbere mu bugingo. Umubatizo wâAbakristo ni igikorwa co kwumvira Umwami Yesu inyuma yâagakiza; naho umubatizo wegeranye cane nâagakiza mu nsobanuro, umubatizo si wo uzanira umuntu agakiza. Mu bice vyinshi Bibiliya iratwereka urutonde rwâingene ibintu bikurikirana ari uko 1) umuntu yizera Umwami Yesu hanyuma 2) akabatizwa. Urwo rutonde ruraboneka mu Vyakozwe nâIntumwa 2:41, âNukwâabemeye amajambo yiwe [ya Petero] bose barabatizwaâ (raba kandi Ivyakozwe nâIntumwa 16:14â15).
Umuntu musha acizera Yesu Kristo akwiye kwifuza kubatizwa vuba hashoboka. Mu Vyakozwe nâIntumwa 8 havuga âubutumwa bgiza bga Yesuâ Filipo yabwiye inkone yâUmunyetiyopiya maze âBakigenda mu nzira, bashika ahâarâamazi, iyo nkone iramubaza itâEhe amazi: ikimbuza kubatizwa nâiki ?â (imirongo ya 35â36). Ako kanya baciye bahagarika umukogote, maze Filipo aca abatiza uwo mugabo.
Umubatizo usobanura ukwifatanya nâurupfu rwa Kristo, uguhambwa kwiwe, nâukuzuka kwiwe. Aho hose ubutumwa bwiza buvugwa maze abantu bakaza kuri Kristo, bakwiye kuca babatizwa.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Umubatizo rukristo ufise akahe kamaro ?