Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ?
Ikibazo Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ? Inyishu Isengesho ryo kwakira ni isengesho umuntu abwira Imana igihe amaze gutahura ko ari umunyavyaha kandi ko akeneye Umukiza. Ukuvuga iryo sengesho ubwavyo gusa nta na kimwe bishobora kukumarira. Isengesho ryâukuri ryo kwakira Yesu ryerekana ico umuntu azi, atahura, nâico yizera cerekeye ko ari umunyavyaha kandi ko…
Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ?
Isengesho ryo kwakira ni isengesho umuntu abwira Imana igihe amaze gutahura ko ari umunyavyaha kandi ko akeneye Umukiza. Ukuvuga iryo sengesho ubwavyo gusa nta na kimwe bishobora kukumarira. Isengesho ryâukuri ryo kwakira Yesu ryerekana ico umuntu azi, atahura, nâico yizera cerekeye ko ari umunyavyaha kandi ko akeneye agakiza.
Ikintu ca mbere gikwiye kuranga iryo sengesho ni ugutahura ko twese turi abanyavyaha. Mu Baroma 3:10 dusoma ngo: âNkâuko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta nâumwe.â Bibiliya iratomora neza ko twese twakoze ivyaha. Turi abanyavyaha bakeneye imbabazi nâubuntu buva ku Mana (Tito 3:5-7). Kubwo gucumura kwacu dukwiriye igihano câibihe bidashira (Matayo 25:46). Isengesho ryo kwakira Yesu ni isengesho ryo kwinginga Imana ngo iduhe ubuntu mu kibanza câigihano. Ni ugusaba imbabazi mu gishingo câuburake.
Igice kigira kabiri cyâiryo sengesho ni ukumenya ico Imana yakoze mu gutorera inyishu ukuzimira kwacu nâivyaha vyacu. Imana yambaye umubiri maze icika umuntu muri Yesu Kristo (Yohana 1:1, 14). Yesu yaratwigishije ukuri kwerekeye Imana maze kandi abaho ubuzima bwejejwe butunganye butagira icaha (Yohana 8:46; 2 Abâi Korinto 5:21). Yesu yaciye apfira ku musaraba mu kibanza cacu, yikorera igihano cacu (Abaroma 5:8). Yesu yarazutse mu bapfuye kugira ngo yerekane intsinzi yiwe ku caha, ku rupfu, no kuri gehinomu (Abâi Kolosayi 2:15; 1 Abâi Korinto 15). Ni kubwâivyo vyose dushobora guharirwa ivyaha vyacu maze tukaronka isezerano ryo kwibera mwâijuru ibihe bidashira â ni twizera Yesu Kristo. Ico dusabwa gukora ni ukwizera ko yapfuye mu gishingo cacu maze akazuka avuye mu bapfuye (Abaroma 10:9-10). Ni ubuntu bwonyene bushobora kudukiza, biciye mu kwizera gusa, no muri Yesu Kristo wenyene. Abanyefeso 2:8 havuga hati, âUbuntu ni bgo bgabakijije, kubgâukwizera, – na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, ni ingabire yâImana.â
Isengesho ryo kwakira Yesu ni uburyo bwo kubwira Imana ko ata wundi twisunga nkâUmukiza atari Yesu Kristo. Ayo majambo ubwayo ntakora ibitangaza. Ukwizera ko Yesu yapfuye akazuka ni vyo vyonyene bidukiza. Ni waba utahura ko uri umunyavyaha kandi ukeneye agakiza kava muri Yesu Kristo, ngiri isengesho ushobora kubwira Imana: âMana, ndazi ko ndi umunyavyaha. Ndazi ko ata kindi kinkwiriye atari ukubona ingaruka zâivyaha vyanje. Yamara, nizeye Yesu Kristo nkâUmukiza wanje. Ndizera ko urupfu nâukuzuka vyiwe vyanzaniye uguharirwa. Nizeye Yesu wenyene kugira ngo ambere Umwami nâUmukiza. Urakoze Mwami, ko unkijije kandi ko ungiriye imbabazi! Amen!â
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Isengesho ryo kwakira Yesu ni iki ?