Mbega inzira yâAbaroma ishikana ku gakiza nâiyihe ?
Ikibazo Mbega inzira yâAbaroma ishikana ku gakiza nâiyihe ? Inyishu Inzira yâAbaroma ijana ku gakiza ni uburyo bwo gusobanura inkuru nziza yâagakiza ukoresheje igitabo câAbaroma. Ni uburyo bworoshe mugabo burimwo ubushobozi bwo gusobanura igituma dukeneye agakiza, ingene Imana itanga agakiza, ingene dushobora kuronka agakiza, nâinyungu zâagakiza. Umurongo wa mbere ukoreshwa mu nzira yâAbaroma ijana ku…
Mbega inzira yâAbaroma ishikana ku gakiza nâiyihe ?
Inzira yâAbaroma ijana ku gakiza ni uburyo bwo gusobanura inkuru nziza yâagakiza ukoresheje igitabo câAbaroma. Ni uburyo bworoshe mugabo burimwo ubushobozi bwo gusobanura igituma dukeneye agakiza, ingene Imana itanga agakiza, ingene dushobora kuronka agakiza, nâinyungu zâagakiza.
Umurongo wa mbere ukoreshwa mu nzira yâAbaroma ijana ku gakiza ni Abaroma 3:23: âBose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bgâImana.â Twese twaracumuye. Twese twakoze ibintu bitanezereza Imana. Nta nâumwe muri twebwe ari umwere. Abaroma 3:10-18 haraduha ishusho itwereka ingene icaha gisa mu kubaho kwacu. Igisomwa kigira kabiri mu Nzira yâAbaroma ijanga ku gakiza ni Abaroma 6:23, hatwigisha ingaruka zâicaha â âIngero yâicaha ni urupfu.â Igihano twaronse kubwâicaha cacu ni urupfu. Si urupfu rwâumubiri gusa, yamara kandi nâurupfu rwâimpwemu rurimwo!
Umurongo ugira gatatu mu Nzira yâAbaroma ijana ku gakiza uhera aho Abaroma 6:23 hagarukira ukavuga uti: “Arikwâingabire yâImana nâubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.â Abaroma 5:8 havuga ngo: âArikwâImana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukirâabanyavyaha.â Yesu Kristo yaradupfiriye! Urupfu rwa Yesu ni rwo rwarishe igiciro câivyaha vyacu. Ukuzuka kwa Yesu gushingira intahe ko Imana yemeye urupfu rwa Yesu nkâindishi yâivyaha vyacu.
Intambuko ya kane yâInzira yâAbaroma ijana ku gakiza ni Abaroma 10:9 havuga ngo: âKuko ni waturisha akanwa yuko Yesu arâUmwami, ukizera mu mutima yukwâImana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa.â Kubwâurupfu Yesu yadupfiriye, ico dukwiye gukora ni ukumwizera, tukizera ko urupfu rwiwe rwarishe umwenda wâivyaha vyacu â hanyuma tugakizwa! Abaroma 10:13 hongera kuvuga hati: âKuko umuntu wese azokwambaza izina ryâUhoraho azokizwa.â Yesu yapfuye kugira ngo arihe igihano câivyaha vyacu maze adukize urupfu rwâibihe bidashira. Umuntu wese yizeye Yesu Kristo nkâUmwami nâUmukiza araronka agakiza nâukubabarirwa ivyaha.
Ikintu ca nyuma mu Nzira yâAbaroma ijana ku gakiza ni inyungu ziva mu gakiza. Mu Baroma 5:1 tubonamwo ubu butumwa bwâigitangaza: âNone rero, ko twatsindanishirijwe nâukwizera, dufise amahoro ku Mana kubgâUmwami wacu Yesu Kristo.â Biciye muri Yesu Kristo turashobora kugirirana nâImana imigenderanire irangwa nâamahoro. Abaroma 8:1 hatwigisha ngo: âNuko rero nonehâabari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.â Kubwâurupfu rwa Yesu kubwacu, ntituzocirwa urubanza rwâivyaha vyacu. Ubwa nyuma, duhabwa iri sezerano ryâigiciro tubona mu Baroma 8:38-39: âKuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cankâubugingo, cankâabamarayika, cankâabaganza, cankâibiriho cankâibizoba, cankâabafise ubushobozi, cankâuburebure bgâigihagararo, cankâuburebure bgâamajepfo, cankâikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya nâurukundo rwâImana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.â
Mbega woba wifuza kujana Inzira yâAbaroma yerekeza ku gakiza ? Ni waba uvyifuza, bwira Imana rino sengesho. Mu kuvuga rino sengesho uba weretse Imana ko wisunze Yesu Kristo ngo aguhe agakiza. Ayo majambo ubwayo ntashobora kugukiza. Ukwizera Yesu gusa ni kwo kuguha agakiza! âMana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye igihano. Ariko Yesu Kristo yikoreye igihano canje kugira ngo mbone guharirwa kubwâukumwizera. Nâumfashe kukwizera kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye kubwâubuntu nâimbabazi bitanganje â nâingabire yâubugingo budashira! Amen!”
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbega inzira yâAbaroma ishikana ku gakiza nâiyihe ?