Mbe Yesu nâinde ?
Ikibazo Mbe Yesu nâinde ? Inyishu Ikibazo Mbe Yesu nâinde kiratandukanye nâikibazo â Mbe Imana iriho ? â kubera nâibake bakekeranya ko Yesu Kristo yigeze kubaho. Benshi baremera ko Yesu Kristo yigeze kubaho, haciye imyaka 2000, mwâ isirayeli.Ariko aho benshi batumvikanira ni kubijanye ni wo yari. Ama dini nka Yose aremeza ko Yesu yari umwigisha…
Mbe Yesu nâinde ?
Ikibazo Mbe Yesu nâinde kiratandukanye nâikibazo â Mbe Imana iriho ? â kubera nâibake bakekeranya ko Yesu Kristo yigeze kubaho. Benshi baremera ko Yesu Kristo yigeze kubaho, haciye imyaka 2000, mwâ isirayeli.Ariko aho benshi batumvikanira ni kubijanye ni wo yari. Ama dini nka Yose aremeza ko Yesu yari umwigisha canke umuvugishwa wâImana. Ingorane nâuko bibiriya itubwira ko Yesu Kristo yasumba ivyo vyose.
Uwitwa C .S Lewis, mu gitabo ciwe â Mere Christianity â yavuze ati : â Ndiko ndageregeza ngaha kubuza uwariwe wese kutavuga ivyo benshi bavuga kuri Yesu Kristo (bidafise intumbero): âNdemeye kwakira Yesu nkâumwigisha wâijambo ryâImana akomeye, ariko sinshobora kwemera ko arâ Imana.â Ivyo nivyo tudategerezwa kuvuga. Yoba Yesu ari umuntu asanzwe ntiyari gushobora kuvuga amajambo nkayo yavuze. Uwo muntu Yoba yarasaze- canke yoba ari Satani avuye mâukuzimu! Utegerezwa gutora kwemera Yesu nkâ Umwana wâImana canke gutora kwemera ko yari umusazi (nâibindi birenzeko). Urashobora gutora kumwita umusazi ntiwumvirize amajambo yiwe canke ukamuvuma washaka ukanamwica nkâidayimoni.Ariko urashobora gutora nahone kumu pfukamira nkâImana. Ariko ntushobora kuja hagati, aho utemera canke ugarariza.â
None Bibiriya yo ivuga Yesu ko arinde ? Akorero ni Yohana 10 :30 aho Yesu yavuze ati : â Jewe na Data tur âumwe â. Dukeneye kuraba gusa ingene Abayuda babifashe kugire tumenye ko Yesu yariko yigereranya nâImana : â Bunâabayuda bongera gutora amabuyeâ Wewe urâumuntu ukigira Imana â (Yohana 10 : 33). Abayuda bari batahuye neza ivyo Yesu yariko aravuga- Ubu Mana bwiwe. Mwitegereje neza, Yesu nti yahakanye ko ari Imana. Igihe Yesu yavuga ko We na Data bari Umwe, yariko agerageza guhishurira abayuda ko we na Data bafise Ubwoko na Kamere kamwe. Nâakandi karorero ni Yohana 8 :58: âYesu arababgira ati nâukuri nâukuri ndababgira: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho â. Abayuda buvyumvise bashaka kumutera amabuye, nkuko amategeko abivuga (Abalewi 24 :15).
Yohana aravuga â Jambo yarâImana â kandi â Jambo yihaye umubiri â (Yohana 1 :1,14). Ibi nâibigabane vyemeza neza yuko Yesu yari Imana muntu.Toma, umwe mubatumwa, yaravuze ati â Mwami, Mana yanje â(Yohani 20 :28). Yesu ntiyamukosoye ! Tito 2:13 iratudetera intenge ngo turindire ukugaruka ku Mwami Imana, Yesu Kristo (na 2 Petero 1 :1).
Raba abaheburayo 1 :8 : âAriko, ivyâumwana wayo yabivuze, it âIngoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, icumu ryâuganza atunganye.â Imana Data yahamagaye Yesu âManaâ, vyemeza ko Yesu ari Imana. Mwâisezerano rya kera, turabona abavugishwa nâImana bemeza ko Yesu ari Imana. Yesaya 9 :6 baravuga bati : â kukâumwana atuvukiye, duhawe umwana wâumuhungu, ubutware buzoba ku bitugu vyiwe : azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana yâubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama wâamahoro.â
None ni kubera iki ikibazo (kijanye nuwoYesu ari) gikomeye ? Igituma gikuru Yesu ategerezwa kuba Imana ni kubera yoba Yesu atari Imana, ugupfa kwiwe ntikwari gushobora guhanagura ibicumuro vyâisi yose (1Yohana 2 :2). Imana yonyene ni yo yarishobora kuriha ingero yâivyaha vyacu (Abaroma 5 :8, 2AbâIkorinto 5 :21). Yesu yategerezwa kuba umuntu kugira adupfire kandi yategerezwa kubâImana kugira aducungure. Agakiza kaboneka mu kwizera Yesu Kristo gusa. Ubu Mana bwa Yesu Kristo ni bwo butuma aba Umukiza wenyene ashobora kuducungura. Ico ni co gituma yavuze ati : â Ni jewe nzira nâukuri nâubugingo : ntawushika kuri Data ntamujanye.â (Yohana 14 :6)
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbe Yesu nâinde ?