Mbe Yesu nâImana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ?
Ikibazo Mbe Yesu nâImana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ? Inyishu Yesu ntanahamwe tumubona muri bibiriya avuga amajambo âJe ndâImana â. Muga ivyo ntibisigura ko atigeze avyemeza ! Akorero ni Yohana 10 :30, â Jewe na Data tur âumwe â. Dukeneye kuraba gusa ingene Abayuda babifashe kugire tumenye ko Yesu yariko yigereranya nâImana : â…
Mbe Yesu nâImana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ?
Yesu ntanahamwe tumubona muri bibiriya avuga amajambo âJe ndâImana â. Muga ivyo ntibisigura ko atigeze avyemeza ! Akorero ni Yohana 10 :30, â Jewe na Data tur âumwe â. Dukeneye kuraba gusa ingene Abayuda babifashe kugire tumenye ko Yesu yariko yigereranya nâImana : â Bunâabayuda bongera gutora amabuyeâ Wewe urâumuntu ukigira Imana âYohana 10 : 33. Abayuda bari batahuye neza ivyo Yesu yariko aravuga- Ubu Mana bwiwe. Mwitegereje neza, Yesu nti yahakanye ko ari Imana. Igihe Yesu yatuye ko We na Data bari Umwe, yariko avuga ko we na Data bafise Ubwoko na Kamere kamwe. Nâakandi karorero ni Yohana 8 :58: âYesu arababgira ati nâukuri nâukuri ndababgira : Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho â. Abayuda buvyumvise bashaka kumutera amabuye, nkuko amategeko abivuga (Abalewi 24 :15)
Yohana aravuga â Jambo yarâImana â kandi â Jambo yihaye umubiri â (Yohana 1 :1,14). Ibi nâibigabane vyemeza neza yuko Yesu yari Imana muntu. Ivyakozwe nâintumwa 20 :28 iratubwira â Ngo muragire ishengero ryâ Imana , iryo yaguze nâamaraso yayo â. Ninde none yaguze ishengero- ishengero ryâImana- nâamaraso yiwe ? Yesu Kristo. Ivakozwe nâIntumwa 20 :28 iremeza ko Imana yaguze ishengero ryayo na maraso Yayo. Kubgivyo Yesu nâImana !
Toma, umwe mubatumwa , yaravuze ati â Mwami, Mana yanje â(Yohani 20 :28). Yesu ntiyamukosoye ! Tito 2:13 iratudetera intenge ngo turindire ukugaruka ku Mwami Imana , Yesu Kristo (na 2 Petero 1 :1). Raba Abaheburayo 1 :8 âAriko,ivyâumwana wayo yabivuze, it âIngoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, icumu ryâuganza atunganye .â Imana Data yahamagaye Yesu âManaâ, vyemeza ko Yesu ari Imana.
Mu vyahishuriwe Yohana, Umumarayika yabwiye Yohana ngo abe asenga Imana gusa (Ivyahishuriwe Yohana 19 :10). Kenshi, muri bibiriya, turabona Yesu yakiriye amashimwe (Matayo2 :11, 14 :33, 28 :9, 17; Luka 24 :52, Yohana 9 :38). Ntiyigeze yirukana abantu ngo kubera bamu ninahaje. Yoba Yesu atari Imana, Yari kubabuza kubikora , kurya umumarayika mu vyahishuriwe Yohana yabikoze.
Igituma Yesu yategerezwa kuba Imana nuko iyo ataba Imana, Ugupfa kwiwe ntikwari gushobora guhanagura ivyaha vyâisi yose (Yohana 2 :2). Ikiremwa, arico Yesu yarikuba ari yoba atari Imana, nticari gushobora kuducungura. Vyongeye, nta wari gushobora kuriha ingero yâ ivyaha ibidaharurwa Imana Uhoraho yari ikeneye. Imana gusa niyo yarishobora kubikora. Imana yo gusa ni yo yari ishoboye kwâikorera Ivyaha vyâisi yose (AbâIkorinto5 :21), akadupfira, kandi ikazuka, kikaba ari icete kâizima ko Yatsinze urupfu nâicaha.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbe Yesu nâImana ? Yoba yarigeze avyemeza narimwe ?