Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ?
Ikibazo Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ? Inyishu Bibiliya, ari yo Jambo ryâImana, iratwereka ingene Imana nâuko idasa. Tutisunze ububasha bwa Bibiliya, ico twokora cose mu kugerageza gusobanura ibiranga Imana vyoba ari ivyiyumviro vyacu gusa, kandi akenshi ivyo na vyo birimwo ukwihenda, cane cane mu gutahura Imana iyo ari yo (Yobu…
Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ?
Bibiliya, ari yo Jambo ryâImana, iratwereka ingene Imana nâuko idasa. Tutisunze ububasha bwa Bibiliya, ico twokora cose mu kugerageza gusobanura ibiranga Imana vyoba ari ivyiyumviro vyacu gusa, kandi akenshi ivyo na vyo birimwo ukwihenda, cane cane mu gutahura Imana iyo ari yo (Yobu 42:7). Kuvuga ko ari ivyâingirakamaro kuri twebwe kugerageza gutahura uko Imana iteye si ukwihenda. Ukatabikora bishobora kudutera kwishiriraho, kwirukanga inyuma yâibintazi, no gusenga imana zâibinyoma zidahwanye nâubugombe bwayo (Kuvayo 20:3-5).
Ivyo dushobora kumenya gusa ni ivyo Imana yahisemwo kutwihishurira kuri yo. Kimwe mu biranga Imana ni uko ari âumucoâ, bisobanura ko yihishura kandi yimenyekanisha ubwayo (Yesaya 60:19; Yakobo 1:17). Ukuba Imana yarahishuye ukumenyekana kwayo si ikintu co gufata minenerwe (Abaheburayo 4:1). Ivyaremwe, Bibiliya, na Jambo yigize umuntu (Yesu Kristo) biradufasha gutahura uko Imana iteye.
Reka tugerageze gutahura ko Imana ari yo Muremyi wacu kandi ko turi bimwe mu biremwa vyayo (Itanguriro 1:1; Zaburi 24:1) kandi twaremwe mwâishusho yayo. Umuntu nico kiremwa kiri hejuru yâibindi kandi yahawe kuganza ibindi biremwa (Itanguriro 1:26-28). Naho ivyaremwe vyatosekajwe nâugucumura kwâumuntu biracarimwo ishusho yâibikorwa vyâImana (Itanguriro 3:17-18; Abaroma 1:19-20). Umuntu rero aravye ubwaguke bwâivyaremwe, urusobane rwavyo, ubwiza bwavyo nâingene biri mu rutonde rwiza, aca amenya ko Imana ihambaye.
Ukumenya amwe mu mazina yâImana birashobora kudufasha mu kumenya uko Imana iteye. Ayo mazina ni aya akurikira:
Elohim â Umunyenkomezi, Imana (Itanguriro 1:1)
Adonai â Umwami, iryo zina ryerekana imigenderanire iri hagati yâumushumba na Shebuja (Kuvayo 4:10, 13)
El Elyon â Uwushizwe hejuru, Umunyenkomezi kurusha abandi (Itanguriro 14:20)
El Roi â Umunyenkomezi ashobora no kwitegereza (Itanguriro 16:13)
El Shaddai â Imana Nyenububasha (Itanguriro 17:1)
El Olam â Imana ibaho ibihe bidashira (Yesaya 40:28)
Yahweh – Umwami âNdiho,â bisobanura Imana ibaho ibihe bidashira kandi itabeshejweho nâumuntu nâumwe (Kuvayo 3:13, 14).
Imana ibaho ibihe bidashira, ivyo bisobanura ko itagira intango kandi ukubaho kwayo kutazohagarara. Imana ntipfa kandi ntigira iherezo (Gusubira mu Vyagezwe 33:27; Zaburi 90:2; 1 Timoteyo 1:17). Imana ntihinduka; ivyo bisobanura ko Imana ari iyo kwizigirwa (Malaki 3:6; Guharura 23:19; Zaburi 102:26, 27). Nta muntu nâumwe yogereranywa nâImana; nta nâumwe ahwanye na yo haba mu bikorwa no mu kamere kayo. Iratunganye kandi nta nâumwe ari ku rugero rwayo (2 Samweli 7:22; Zaburi 86:8; Yesaya 40:25; Matayo 5:48). Nta muntu nâumwe ashobora gutohoza Imana, kuyipfindura, kuyigirako ubushakashatsi, nta nâumwe ashobora kumenya akahise kayo canke ngo ayitahure ijana kwâijana (Yesaya 40:28; Zaburi 145:3; Abaroma 11:33, 34).
Imana ni inyabutungane; ntitinya umuntu nâumwe canke ngo hagire uwo igirira akamwana-wa-mama (Gusubira mu Vyagezwe 32:4; Zaburi 18:30). Nta kintu na kimwe kinanira Imana; ni inyenkomezi kandi ikora ibiyihimbara vyose, ariko kandi ibikorwa vyayo bizokwama bihwanye nâakamere kayo (Ivyahishuriwe Yohana 19:6; Yeremiya 32:17, 27). Imana iba ahantu hose, bisobanura ko iba ahantu hose mu mwanya umwe, ariko ivyo ntibisobanura ko ibintu vyose ari Imana (Zaburi 139:7-13; Yeremiya 23:23). Imana izi vyose, ivyo bigasobanura ko izi ivya kahise, ivya kubu, nâivya kazoza, harimwo nâivyo tuba turiko turiyumvira umwanya uwo ari wo wose. Kubera yuko izi vyose, izokwama ishitsa ivyerekeye ubutungane bwayo ata kurenganya (Zaburi 139:1-5; Imigani 5:21). )
Imana ni imwe; ni yo Mana iriho gusa, kandi ni yo yonyene ishobora gushitsa ivyifuzo nâubukene buva ibwina mu mitima yacu. Imana yonyene ni yo dukwiye kwiyegurira no gutazira (Gusubira mu Vyagezwe 6:4). Imana iragororotse, ivyo bisobanura ko Imana itirengagiza kandi itazokwigera yirengagiza ibibi. Ni kubwâukugororoka nâubutungane bwâImana Yesu yahwanye nâuburake bwâImana igihe ivyaha vyacu vyashirwa kuri we kugira ngo turonke ukubabarirwa (Kuvayo 9:27; Matayo 27:45-46; Abaroma 3:21-26).
Imana irigenga, ivyo bigasobanura ko iri hejuru ya vyose. Ivyo yaremye vyose naho vyoja hamwe ntibishobora guhagarika intumbero nâimigambi yayo (Zaburi 93:1; 95:3; Yeremiya 23:20). Imana ni impwemu, ivyo bisobanura ko tudashobora kuyibonesha amaso yacu (Yohana 1:18; 4:24). Imana ni Ubutatu. Igizwe nâabantu (canke abapersona) batatu bagize Imana imwe, bose banganya ubushobozi nâubwiza. Imana ni ukuri, ntizokwigera irangwa nâubugunge igiturire kandi ntishobora kubesha (Zaburi 117:2; 1 Samweli 15:29).
Imana ni iyera, iratandukanye nâukwandura kwose kwâabantu kandi irakwanka. Imana irabona ibibi vyose bikorwa kandi birayishavuza. Imana iravugwa nkâumuriro utongora (Yesaya 6:3; Habakuki 1:13; Kuvayo 3:2, 4-5; Abaheburayo 12:29). Imana ni inyabuntu, kandi mu buntu bwayo harimwo ineza yayo, ukugira neza, imbabazi, nâurukundo. Iyo ataba ubuntu bwâImana, ukwera kwayo ntikwotwemererewe kuba mu bwiza bwayo. Ariko Imana ishimwe kuko yifuza kumenyana nâumwe wese muri twebwe ku giti ciwe (Kuvayo 34:6; Zaburi 31:19; 1 Petero 1:3; Yohana 3:16, 17:3).
Kubera yuko Imana itagira iherezo, nta muntu nâumwe ashobora kwishura ico kibazo kuko gihwanye nâImana ubwayo. Mugabo biciye mwâIjambo ryâImana, turashobora gutahura ibitari bike vyerekeye Imana iyo ari yo nâuko iteye. Ese icoduha tukabandanya kuyirondera nâimitima yacu yose (Yeremiya 29:13).
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Ni ibihe bintu biranga Imana ? Imana isa gute ?