Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ?
Ikibazo Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ? Inyishu Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ? Ni gute umuntu aronka intumbero nâugutunganirwa mu kubaho kwiwe ? Ni gute umuntu yoshikira ikintu câingirakamaro mu kubaho kwiwe ? Abantu benshi bama bibaza ivyo bibazo nkoramutima. Ivyo bavyibaza bamaze gusubiza amaso inyuma bakaraba imyaka yabo ya kahise maze bakibaza ingene…
Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ?
Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ? Ni gute umuntu aronka intumbero nâugutunganirwa mu kubaho kwiwe ? Ni gute umuntu yoshikira ikintu câingirakamaro mu kubaho kwiwe ? Abantu benshi bama bibaza ivyo bibazo nkoramutima. Ivyo bavyibaza bamaze gusubiza amaso inyuma bakaraba imyaka yabo ya kahise maze bakibaza ingene batakaje ubucuti nâabagenzi babo nâingene bumva mu mitima yabo hagaragara naho vyoba biboneka ko bateye intambwe iboneka yâubuzima. Babajije umunonotsi umwe yari amaze gushika ku rugero rwo hejuru mu vyâinkino ico yifuza ko yari kubwirwa agitangura ivyâinkino. Uwo munonotsi yishuye ati: âIyo hagira uwumbarira ko umuntu ashitse kwâisonga ryo kwamamara ata na kimwe kiriyo.â Umuntu amenya ko yari yakurikiye intumbero zitari zo haheze imyaka maze akabona ko imyaka yiwe yayipfishije ubusa.
Mwâisi yâuno musi, abantu bakurikira ibintu bitari bike biyumvira ko bizobashikana mu gutunganirwa. Bimwe mu vyo abantu bakurikira harimwo gutera imbere mu rudandazwa, ubutunzi, imigenderanire myiza, uguhuza ibitsina, ukwinezereza, no kugirira abandi ivyiza. Abantu benshi barashinze intahe ko naho bari bamaze gushika ku ntumbero bari barihaye mu vyâubutunzi, mu mibano nâabandi, mu kwinezereza bagumye bumva muri bo hari ikibura, ikinogo mu mitima yabo kitashobora kwuzuzwa nâikindi kintu.
Umwanditsi wâigitabo co muri Bibiliya citwa Umusiguzi aratubwira ivyâico kinogo kiri mu mutima igihe yavuga ati: âNâubusa gusa⦠nâubusa gusa, vyose nâubusaâ (Umusiguzi 1:2). Umwami Salomo, ari we yanditse igitabo câUmusiguzi, yari afise ubutunzi butagira uko bungana, ubwenge burengeye ubwâabantu bose bo mu gihe ciwe no mu cacu, abagore amajana, ingoro nâamatongo ata wundi yari abifise mu bwami bwiwe, imfungurwa nâibinyobwa vyiza, nâibinezereza vyâuburyo bwose. Igihe yavuze ko ivyo umutima wiwe wifuje yabironse. Ariko yasozereye ukubaho kwiwe avuga ati âukubaho musi yâizubaââni ukuvuga ukubaho uzi ko ibiriho mu buzima ari ivyo umuntu ashobora kubonesha amaso no gukorako gusaâata co bumaze. Ni kuki mu mutima wiwe hari ikinogo ? Ni kubera yuko hariho ikindi kintu Imana yaturemeye kirengeye ivyo dushobora kubonesha amaso hano mwâisi. Salomo yavuze ko Imana âyashize ivyiyumviro vyâibihoraho mu mitima yabo…â (Umusiguzi 3:11). Mu mitima yacu turazi ko yuko ivyo tubonesha amaso biriho mu gihe ca none atari kwo kuri kwose.
MwâItanguriro, ari co gitabo gitangurira ibindi muri Bibiliya, turabona ko Imana yaremye umuntu mwâishusho yayo (Itanguriro 1:26). Ibi bisobanura ko dusa nâImana kurusha uko dusa nâikindi kintu ico ari co cose (ishusho yâikindi kintu). Turabona kandi ko imbere yâuko umuntu agwa mu caha maze umuvumo wâicaha ugatera isi, ibi bintu bikurikira vyari ukuri: 1) Imana yaremye umuntu imugira ikiremwa gikeneye abandi bantu (Itanguriro 2:18-25); 2) Imana yahaye umuntu igikorwa (Itanguriro 2:15); 3) Imana yari ifitaniye nâumuntu imigenderanire (Itanguriro 3:8); kandi 4) Imana yahaye umuntu ububasha bwo kuganza isi (Itanguriro 1:26). None ivyo bifise akahe kamaro ? Imana yashaka ko kimwe cose muri ivyo vyodufasha gushikira intumbero yâukubaho kwacu, ariko ivyo vyose (cane cane ubucuti bwâImana nâumuntu) vyaratosekajwe nâukugwa mu caha kwâumuntu hamwe nâumuvumo isi yavumwe (Itanguriro 3).
Mu Vyahishuriwe Yohana, ari co gitabo ca nyuma co muri Bibiliya, Imana irahishura ko izokomvomvora isi nâijuru vya none maze izane ibihe bidashira imaze kurema ijuru rishi nâisi nsha. Ico gihe niho izonagura ubucuti bwayo nâabantu bacunguwe abanyavyaha na bo bazoba baciriwe urubanza hanyuma batabwe mu kiyaga caka umuriro (Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15). Umuvumo wâicaha uzoba wakuweho; nta caha kizoba kikiriho, nta mubabaro, nta kurwara, nta rupfu canke maganya azoba akiriho (Ivyahishuriwe Yohana 21:4). Imana izoba hagati yâabantu nabo bazoyibera abana (Ivyahishuriwe Yohana 21:7). Ivyo bitujana ku muzingi ugizwe nâibi bintu bikurikira: Imana yaremye umuntu kugira ngo agiriranire na yo imigenderanire myiza, umuntu aracumura, yonona ya migenderanire, Imana igarukana ya migenderanire mu gutanga bugingo budashira. Kuronka vyose umuntu yifuza mu kubaho kwiwe hanyuma agapfa atandukanye nâImana ibihe bidashira vyoba bibabaje cane! Yamara Imana yarashizeho inzira yo kudushoboza kuronka umunezero wâibihe bidashira (Luka 23:43) no kudushoboza kubaho ubuzima bwâumunezero nâinsobanuro hano mwâisi. None uwo munezero wâibihe bidashira nâuwo mwâisi uboneka gute ?
Insobanuro yâubugingo bushasha bubonerwa muri Kristo
Insobanuro yâukuri yâubuzima, haba ubu canke mu bihe bidashira, ibonekera mu kunagurwa kwâimigenderanire nâImana yononywe nâukugwa kwa Adamu na Eva mu caha. Iyo migenderanire nâImana nta handi ishobokera idaciye mu Mwana wayo, Yesu Kristo (Ivyakozwe nâIntumwa 4:12; Yohana 1:12; 14:6). Turonka ubugingo budashira igihe twihanye icaha (kandi ntitube tucifuza kuba muri co) kandi Kristo araduhindura, akatugira ivyaremwe bisha, kandi twisunga Yesu Kristo nkâUmukiza wacu.
Insiguro yâukuri ntibonekera mu kwizera Yesu gusa nkâUmukiza, naho ivyo ari ivyâigitangaza. Ahubwo, insobanuro yâukuri yâubuzima iboneka igihe umuntu atanguye gukurikira Yesu nkâumwigishwa, akigira kuri we, akabana na we asoma Ijambo ryiwe, akavugana na we mu gusenga, kandi akagendana na we mu kwumvira ivyagezwe vyiwe. Ni waba utaraba Umkristo (canke uri Umukristo mushasha), ushobora kuba uriko uribwira ngo: âNumva ivyo bitandyoheye!â Mugabo Yesu yavuze aya majambo akurikira:
âNi muze kuri jewe mwese abananiwe nâabaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko ndâumugwaneza, niyoroheje mu mutima. Kukwâingata yanje itababaza, nâumutwaro wanje uhwahutseâ (Matayo 11:28-30). âNanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutseâ (Yohana 10:10b). âUmuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Kukâugomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arikâuzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonkaâ (Matayo 16:24-25). âUhimbarwe nâUhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugombaâ (Zaburi 37:4).
Ico iyo mirongo yose itubwira ni uko dufise uburyo bwo guhitamwo. Turashobora kubandanya kurondera kwiyoborera ubugingo bwacu, ivyo na vyo nta kindi bitanga atari ukugira umutima uburaniwe, canke tugahitamwo gukurikira Imana nâinzira yayo nâimitima yacu yose mu kubaho kwacu, tugahabwa ivyâimitima yacu yifuza, maze tukaronka uguhazwa nâukubumbwa nâivyo dufise. Ivyo biri uko kuko Umuremyi wacu adukunda kandi atwifuriza ivyiza (atari ngombwa ko turonka ukubaho kworoshe, yamara ukubaho kwuzuye umunezero wiwe).
Ukubaho nkâAbakristo bigereranywa nâumuntu agenda ku kibuga câinkino maze agategerezwa guhitamwo kugura itike izimvye mugabo imuha ikibanza ciza gituma abona neza urukino canke akagura itike yâamahera make maze akarabira urukino kure. âKwicara ku ntebe yâimbereâ maze tukitegereza ivyo Imana ikora ni co kintu twari dukwiye guhitamwo, ariko yamara birababaje ko benshi badahitamwo ico kibanza. Ababaye abigishwa ba Yesu bakamwiyegurira nâimitima yabo yose kandi vyâukuri bahevye gukurikira ivyifuzo vyabo ahubwo bagakurikira intumbero zâImana ni bo babona Imana ingene ikora mu bugingo bwabo. Abo baratanze igiciro (ukwiyegurira Kristo nâubugombe bwiwe); abo babayeho ubugingo bwuzuye; kandi bashobora guhangana nâivyifuzo vyabo, ivya bagenzi babo, bakemera ubugombe bwâUmuremyi wabo ata co bicuza. Mbega wewe waramaze gutanga ico giciro ? Uriteguye kugitanga ? Ni waba umaze kugera kuri iyo ntambuko ntuzokwongera kubuzwa amahoro no kubura intumbero nâinsobanuro yâubuzima.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbega ukubaho gufise iyihe nsobanuro ?