Ni gute notsinda icaha mu kubaho kwanje nkâUmukristo ?
Ikibazo Ni gute notsinda icaha mu kubaho kwanje nkâUmukristo ? Inyishu Bibiliya iraduha ibikoresho bitandukanye vyodufasha mu kunesha icaha. Muri ubu bugingo bwo mwâisi, ntituzoshobora gutsinda icaha neza ijana kwâijana (1 Yohana 1:8), yamara naho biri uko iyo ni yo ntumbero dukwiye kurondera. Dufashijwe nâImana kandi tugakurikiza ico Ijambo ryayo ritwigisha, turashobora kugenda dutsinda icaha…
Ni gute notsinda icaha mu kubaho kwanje nkâUmukristo ?
Bibiliya iraduha ibikoresho bitandukanye vyodufasha mu kunesha icaha. Muri ubu bugingo bwo mwâisi, ntituzoshobora gutsinda icaha neza ijana kwâijana (1 Yohana 1:8), yamara naho biri uko iyo ni yo ntumbero dukwiye kurondera. Dufashijwe nâImana kandi tugakurikiza ico Ijambo ryayo ritwigisha, turashobora kugenda dutsinda icaha buhoro buhoro, maze kandi buhoro buhoro tukagenda turushirizaho gusa na Kristo.
ikirwanishwa ca mbere Bibiliya itubwira mu rugamba rwo gutsinda icaha ni Mpwemu Yera. Imana yaraduhaye Mpwemu Yera kugira ngo dushobore kunesha mu bugingo bwacu rukristo. Imana irerekana itandukaniro riri hagati yâibikorwa vya Mpwemu nâivyâakamaremere mu Abâii Galatiya 5:16-25. Muri ico gisomwa duhamagarirwa kugendeshwa na Mpwemu. Abizera bose barafise Mpwemu Yera, ariko iki gisomwa kitubwira ko dukwiye kugendeshwa na Mpwemu, abe ari we atuganza. Ibi bisobanura ko dukwiye kubandanya dukurikira ijwi rya Mpwemu Yera aho kwumvira ivyifuzo vyâumubiri.
Ingene Mpwemu Yera ashobora guhindura abantu turabibona mu buzima bwa Petero, kuko imbere yo kwuzuzwa Mpwemu Yera yihakanye Yesu gatatu â kandi akabikora yari yavuze ko azokurikira Yesu gushitsa ku rupfu. Amaze kwuzuzwa Mpwemu, yaciye atangura kuvuga ku mugaragro nâinkomezi nyinshi yemeza Abayuda ku musi wa pentekote.
Igihe tutagerageza kuzimya ijwi rya Mpwemu, ni ho tuba turiko turagendera muri Mpwemu (nkâuko bivugwa mu 1 Abâi Tesalonike 5:19) maze tukarondera kwuzura Mpwemu (Abanyefeso 5:18-21). Ni gute none umuntu ashobora kwuzuzwa Mpwemu Yera ? Ubwa mbere, Imana ni yo yihitiramwo nkâuko vyari biri no mwâIsezerano rya Kera. Imana yaratoranya abantu igomba gukoresha maze ikabuzuza Mpwemu wayo (Itanguriro 41:38; Kuvayo 31:3; Guharura 24:2; 1 Samweli 10:10). Hariho icemezo mu Banyefeso 5:18-21 no mu bâi Kolosayi 3:16 ko Imana ihitamwo kwuzuza Mpwemu abantu buzuye Ijambo ryayo. Ivyo bica bitujana ku kirwanishwa kigira kabiri.
Ijambo ryâImana, ari ryo Bibiliya, riratubwira ko Imana yaduhaye Ijambo ryayo kugira ngo iduhe ibikwiye tubashe gukora ibikorwa vyiza vyose (2 Timoteyo 3:16-17). Riratwigisha ingene dukwiye kubaho nâivyo dukwiye kwizera, igihe duhisemwo guca mu nzira mbi rirabiduhishurira, riradufasha kugaruka mu nzira nziza, kandi rikatugumiza muri iyo nzira. Mu Baheburayo 4:12 haratubwira ko Ijambo ryâImana ari rizima kandi rifise ubushobozi, rishobora kwinjira mu mitima yacu kugira ngo rikuremwo ivyaha nâingeso zashinzeyo imizi. Umwanditsi wa Zaburi aravuga ko rifise ububasha bwo guhindura ukubaho no muri Zaburi ya 119. Yosuwa yabwiwe ko ikizomushoboza gutsinda abansi biwe ari ukutibagira Ijambo ryâImana ahubwo ko akwiye kuririmburako ku murango no mwâijoro maze akaryumvira. Ivyo yarabikoze no mu gihe Imana yamusaba gukora ibintu bisa naho bidafise insobanuro mu buryo bwa gisirikare, kandi ivyo ni vyo vyamuhaye urupufunguzo rwo gutsinda ingwano zose mu Gihugu câIsezerano.
Bibiliya ni ikirwanishwa dukunda gufata minenerwe. Akenshi turerekana ko tuyubaha mu kuyitwaza iyo tugiye mu makoraniro ku wâImana canke tugasoma nkâigice kimwe ku musi canke tugasoma ibitabo bidufasha kuyisobanura, mugabo bikatunanira kuyifata ku mutwe, kuyirimburako, no gushira mu ngiro ivyo itubariye ku kubaho kwacu; biratunanira kwatura ivyaha iba imaze kutwereka canke bikatunanira guhimbaza Imana iyo Bibiliya imaze kutwereka ingabire zâImana. Imbere ya Bibiliya tumeze nkâabishwe na kigoyi canke abishwe nâubukunzi bwâinda. Turafungura bike bidufasha gusa kudapfa mu buryo bwâimpwemu (ariko ntitwakiramwo vyinshi vyodufasha kugira amagara meza, no kuba Abakristo bâinkomezi), canke tukayirwako kenshi yamara ntidufate umwanya wo kurimbura kuri yo kugira ngo dukuremwo intunga-mubiri zo kudukomeza mu buryo bwâimpwemu.
Ni waba utaragira umugenzo kwiga no gufata mu mutwe Ijambo ryâImana ni ngombwa ko ubitangura. Bamwe bavuga ko ari ingirakamaro kwandika mwâikaye ivyo bakuye mwâIjambo ryâImana. Ukwiye kugira umugenzo wo kutava i ruhande ya Bibiliya utarandika ikintu wungutse mu vyo uba wasaomye. Bamwe barandika amasengesho babwira Imana, bakayisaba kubafasha gushitsa ivyo iba yababwiye. Bibiliya ni co gikoresho Mpwemu akoresha mu bugingo bwacu (Abanyefeso 6:17), kimwe mu birwanishwa ntasubirizwa Imana iduha mu kurwana intambara zo mu buryo bwâimpwemu (Abanyefeso 6:12-18).
Ugusenga ni co kirwanishwa gihambaye kigira gatatu mu ntambara yo kurwana nâicaha. Ku vyerekeye ugsenga naho nyene, Abakristo benshi barabivuga ku munwa gusa ariko nta na kimwe babikorako. Akenshi turagira amakoraniro yo gusenga, imyanya yo gusenga, ariko ntidukoresha ugusenga nkâuko ishengero ryâintango ryabigira (Ivyakozwe nâIntumwa 3:1; 4:31; 6:4; 13:1-3). Paulo aravuga incuro nyinshi ingene yasengeye abo yabwira ubutumwa. Imana yaraduhaye amasezerano menshi yerekeye ugusenga (Matayo 7:7-11; Luka 18:1-8; Yohana 6:23-27; 1 Yohana 5:14-15), kandi Paulo aravuga ivyâugusenga mu gisomwa ciwe kivuga ivyo kwitegurira intambara yo mu buryo bwâimpwemu (Abanyefeso 6:18).
None ugusenga gufise uruhe ruhara mu kunesha icaha mu bugingo bwacu ? Reka turabe amajambo Kristo yabwiye Petero mwâitongo ryâi Getsemane, imbere yâuko Petero amwihakana. Igihe Yesu yariko arasenga, Petero we yari asinziriye. Maze Yesu aramukangura amubwira ati: âNi mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arikâumubiri ufise intege nkeâ (Matayo 26:41). Co kimwe na Petero, akenshi turifuza gukora ibibereye mugabo tukabura inkomezi. Dukwiye gukurikiza impanuro yâImana idusaba kubandanya turondera, kubandanya dukomanga, kubandanya dusabaâmaze ikazoduha inkomezi dukeneye (Matayo 7:7). Ugusenga si nkâamareba. Ugusenga ni ukwemera intege nke zacu, tukakira inkomezi zâImana zitagira iherezo maze tukayisaba ngo iduhe inkomezi zo gukora ivyo igomba, atari ugukora ivyo twebwe tugomba (1 Yohana 5:14-15).
Ikirwanishwa kigira kane mu ntambara yo kunesha icaha ni ishengero, ari wo muryango wâabizera. Igihe Yesu yarungika abigishwa biwe kwigisha, yabarungitse ari babiri-babiri (Matayo 10:1). Abavugabutumwa bo mu gitabo câIvyakozwe nâIntumwa ntibagiye umwe umwe, ahubwo bagenda bari mu migwi yâabantu babiri canke barenga. Yesu yadutegetse ko tudakwiye guheba gukoranira hamwe nâabandi ahubwo ko dukwiye gukoresha uwo mwanya nkâuwo kwirurana mu rukundo no mu bikorwa vyiza (Abaheburayo 10:24). Atubwira kwaturiranira ivyaha (Yakobo 5:16). Mu bitabo vyâabanyabwenge bo mwâIsezerano rya Kera, turasoma ngo nkâuko icuma gikarisha ikindi cuma, ni ko nâumuntu akarisha mugenzi we (Imigani 27:17). Mu bwinshi bwâabantu harimwo inkomezi (Umusiguzi 4:11-12).
Kugira umugenzi mushobora kuyaga vyose vyerekeye ubuzima ducamwo birafasha Abakristo batari bake mu kunesha ivyaha biba vyarabizingiriyeko. Kugira uwundi muntu ashobora kuvugana na we, mushobora gusengera hamwe, ashobora kugutera intege, mbere bashobora no kugukarira iyo wakoze ibitari vyo ni ikintu câingirakamaro. Ikigeragezo gishobora gushikira umuntu uwo ari we wese muri twebwe (1 Abâi Korinto 10:13). Kugira umuntu mushobora kuganira vyose canke umugwi wâabantu muhura mukaganira ivyâubuzima bwa gikristo bishobora kudutera intege no kuduha inkomezi dukeneye kugira ngo tuneshe ivyaha bikunda kutwizingirako.
Hari igihe ukunesha icaha biza mu buryo bwihuse. Ikindi gihe naho bishobora kuza buhoro buhoro. Imana yaradusezeraniye ko ni twakoresha ivyo birwanishwa yaduhaye, na yo izozana buhoro buhoro uguhinduka mu kubaho kwacu. Turashobora gushikaa mu twigoro twacu two kunesha icaha kubera tuzi yuko Imana yama ari umwizigirwa ku masezerno yayo.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Ni gute notsinda icaha mu kubaho kwanje nkâUmukristo ?