Ni gute nokwitatura nâImana ?
Ikibazo Ni gute nokwitatura nâImana ? Inyishu Kugira ngo twitature nâImana, dutegerezwa kubanza gutahura aho ingorane iri. Inyishu kuri ico kibazo ni icaha. âBarazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamweâ (Zaburi 14:3). Twese twaragararije ivyagezwe vyâImana; âTwese twazimiye nkâintama, twese twagiye isabagireâ (Yesaya 53:6). Inkuru mbi ni uko igihano câicaha ari urupfu. âUmuntu akora icaha…
Ni gute nokwitatura nâImana ?
Kugira ngo twitature nâImana, dutegerezwa kubanza gutahura aho ingorane iri. Inyishu kuri ico kibazo ni icaha. âBarazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamweâ (Zaburi 14:3). Twese twaragararije ivyagezwe vyâImana; âTwese twazimiye nkâintama, twese twagiye isabagireâ (Yesaya 53:6).
Inkuru mbi ni uko igihano câicaha ari urupfu. âUmuntu akora icaha ni we azopfaâ (Ezekiyeli 18:4). Inkuru nziza ni uko Imana yâurukundo yadukurikiranye kugira ngo idushikane ku gakiza. Yesu yaratangaje intumbero yiwe ko ari âukurondera no gukiza icari cazimiyetoâ (Luka 19:10), yarongeye aratangaza ko yarangije intumbero yiwe igihe yari ku musaraba agasemerera ati: âBirarangiye!â (Yohana 19:30).
Ukugirirana nâImana imigenderanire myiza bitangurwa no kwemera icaha cawe. Inyuma yâaho haca haza ukwatura ivyaha vyawe nâumutima uciye bugufi (Yesaya 57:15) hamwe no gufata ingingo yo guheba icaha. âKukâumutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kandâakanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakizaâ (Abaroma 10:10).
Ukwo kwihana gutegerezwa kugendana nâukwizera â ni ukuvuga ko wizera ko urupfu rwa Yesu nâukuzuka kwiwe kwâigitangaza bimugira Umukiza wawe. âKuko ni waturisha akanwa yuko Yesu arâUmwami, ukizera mu mutima yâukwâImana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa.â (Abaroma 10:9). Hariho iyindi mirongo myinshi yerekana ko ukwizera gukenewe, nka Yohana 20:27; Ivyakozwe nâIntumwa 16:31; Abâi Galatiya 2:16; 3:11, 26; nâAbanyefeso 2:8.
Ukwitatura nâImana nâinyishu utanga ku gikorwa Imana yagukoreye. Yarungitse Umukiza, yaratanze ikimazi kugira ngo ikureho icaha cawe (Yohana 1:29), kandi iraguha nâiri sezerano: âKandâumuntu wese azokwambaza izina ryâUhoraho azokizwaâ (Ivyakozwe nâIntumwa 2:21).
Umugani wâumwana wâicanganzi uratwereka akarorero keza ko kwihana (Luka 15:11-32). Umuhungu muto yarononeshe ingabire ya se ivyaha biteye isoni (umurogo 13). Igihe yari amaze kwemera amakosa yiwe, yaciye afata ingingo yo gusubira i muhira (umurongo 18). Yaramenye ko atagikwiye kwitwa umwana (umurongo 19), ahubwo ko yacumuye. Uwo muvyeyi yarakunda uwo mwana wiwe yagarutse nkâuko yamukunda kera (umurongo 20). Ivyaha vyose vyarababariwe, maze hakurikirako umusi mukuru (umurongo 24). Imana ni nziza kandi izogumya amasezerano yayo, harimwo nâayo guharira ivyaha. âUhoraho aba hafi yâabafise imitima imenetse, kandâakiza abafise imitima ijanjaguritseâ (Zaburi 34:18).
Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nkâUmukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: âMana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubwâukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje nâimbabazi zawe nâingabire yâubugingo budashira! Amen!â
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Ni gute nokwitatura nâImana ?