Ingingo zine zâivyâimpwemu ni izihe ?
Ikibazo Ingingo zine zâivyâimpwemu ni izihe ? Inyishu Ingingo zine zâivyâimpwemu ni uburyo bwo kubwira abandi inkuru zâagakiza kabonekera mu kwizera Yesu Kristo. Ni uburyo bworoshe bwo gutunganya inkuru yâubutumwa bwiza mu ngingo zine. Iya mbere muri izo ngingo zine zine zâivyâimpwemu ni: âImana iragukunda kandi igufitiye imigabo yâagatangaza.â Muri Yohana 3:16 havuga ngo: âKukâurukundo…
Ingingo zine zâivyâimpwemu ni izihe ?
Ingingo zine zâivyâimpwemu ni uburyo bwo kubwira abandi inkuru zâagakiza kabonekera mu kwizera Yesu Kristo. Ni uburyo bworoshe bwo gutunganya inkuru yâubutumwa bwiza mu ngingo zine.
Iya mbere muri izo ngingo zine zine zâivyâimpwemu ni: âImana iragukunda kandi igufitiye imigabo yâagatangaza.â Muri Yohana 3:16 havuga ngo: âKukâurukundo Imana yakunze abari mwâisi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo wâikinege, ngâumwizera wese ntazâapfe rubi, arikwâahabge ubugingo budashira.â Muri Yohana 10:10 haraduha impamvu yatumye Yesu aza: âNanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.â Ni igiki kitubuza kwakira urukundo rwâImana ? Ni igiki kitubuza kuronka ubugingo budashira ?
Ingingo igira kabiri mu ngingo zine zâivyâimpwemu ni: âUmuntu yarandujwe nâicaha, kubwâivyo atandukana nâImana. Ivyo rero bituma tudashobora kumenya umugambi wâImana utangaje ku buzima bwacu.â Mu Baroma 3:23 haremeza iyi nkuru: âBose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bwâImana.â Mu Baroma 6:23 haratwereka ingaruka zâicaha: âIngero yâicaha ni urupfu.â Imana yaturemye kugira ngo tugiranire na yo imigenderanire myiza. Ariko umuntu yakwegeye icaha isi, bituma atandukana nâImana. Twarononye imigenderanire Imana yagomba kugirana natwe. None inyishu ni iyihe ?
Ingingo ya gatatu mu ngingo zine zâivyâimpwemu igira iti: âYesu Kristo ni we wenyene Imana yatanze kubwâicaha cacu. Muri Yesu Kristo turashobora guharirwa ivyaha vyacu kandi tukongera kugirirana nâImana imigenderanire myiza.â Mu Baroma 5:8 haratubwira hati: âArikwâImana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukirâabanyavyaha.â Muri 1 Abâi Korinto 15:3-4 haratwereka ivyo dukeneye kumenya no kwizera kugira ngo dukizwe: â…yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nkâukwâivyandtiswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nkâukwâivyanditswe bivugaâ¦â Yesu ubwiwe aratumenyesha ko ari we nzira yonyene yâagakiza muri Yohana 14:6: âNi jewe nzira nâukuri nâubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.â Ni gute noronka iyo ngabire yâImana itangaje ?
Ingingo igira kane mu ngingo zine zâivyâimpwemu ivuga ngo: âDutegerezwa kwizera Yesu Kristo nkâUmukiza kugira ngo turonke ingabire yâagakiza no kumenya integuro yâImana itangaje ku bugingo bwacu.â Yohana 1:12 harabidusobanurira: âArikwâabamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana bâImana, ni bo bizeye izina ryiwe.â Mu Vyakozwe nâIntumwa 16:31 harabitomora neza: “Izere Umwami Yesu, urakira, mwe nâabo mu nzu yawe!â Nta kindi kidukiza atari ubuntu gusa, biciye mu kwizera Yesu Kristo wenyene gusa (Abanyefeso 2:8-9).
Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nkâUmukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: âMana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubwâukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje nâimbabazi zawe nâingabire yâubugingo budashira! Amen!â
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Ingingo zine zâivyâimpwemu ni izihe ?