Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ?
Ikibazo Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ? Inyishu Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Igisomwa co muri Bibiliya abenshi bakoresha mu kwishura ico kibazo kiri muri Yohana 3:1-21. Muri ico gisomwa, Umwami Yesu Kristo yariko aravugana na Nikodemo, umwe mu Bafarisayo bakuru akaba nâumwe mu…
Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ?
Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Igisomwa co muri Bibiliya abenshi bakoresha mu kwishura ico kibazo kiri muri Yohana 3:1-21. Muri ico gisomwa, Umwami Yesu Kristo yariko aravugana na Nikodemo, umwe mu Bafarisayo bakuru akaba nâumwe mu bari bagize ikombe ryâAbayuda (Urwego rukuru rwari rurongoye idini ryâAbayuda). Nikodemo yari yaje kuri Yesu mwâijoro kugira ngo amubaze ibibazo.
Igihe Yesu yariko arayaga na Nikodemo, yaravuze ati: âNâukuri nâukuri ndakubgire: Iyâumuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bgâImana. Nikodemo aramubaza, atâUmuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje ? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka ? Yesu aramwishura, ati Nâukuri, nâukuri ndakubgire: Iyâumuntu atavyawe nâamazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bgâImana. Ikivyawe nâumubiri na co nâumubiri; ikivyawe na Mpwemu na co nâimpwemuâ (Yohana 3:3-7).
Amajambo âukuvuka ubwa kabiriâ asobanura âkuvuka kuvuye mwâijuru.â Hariho ikintu Nikodemo yari akeneye. Yari akeneye ihinduka ryo mu mutima wiweâihinduka ryo mu buryo bwâimpwemu. Ukuvuka gusha, ukuvuka ubwa kabiri, ni igikorwa Imana ubwayo yikorera maze igaha ubugingo budashira uwo wese yizeye (2 Abâi Korinto 5:17; Tito 3:5; 1 Petero 1:3; 1 Yohana 2:29; 3:9; 4:7; 5:1-4, 18). Muri Yohana 1:12, 13 harerekana ko mu âkuvuka ubwa kabiriâ harimwo iciyumviro co âgucika abana bâImanaâ biciye mu kwizera izina rya Yesu Kristo.
Ikibazo kica kiza ni iki: âNi kuki none ari ngombwa ko umuntu avuka ubugira kabiri ?â Intumwa Paulo, mu Banyefeso 2:1 avuga ati: âNamwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe nâivyaha vyanyu.â Abaroma na bo yabandikiye ati: âBose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bgâImanaâ (Abaroma 3:23). Abanyavyaha âbarapfuyeâ mu buryo bwâimpwemu; iyo bakiriye ubugingo bwo mu buryo bwâimpwemu biciye mu kwizera Kristo, Bibiliya ibigereranya no kwongera kuvuka. Ni abantu bahariwe ivyaha vyabo gusa bashobora kugirirana nâImana imigenderanire.
None ivyo bigenda gute ? Mu Banyefeso 2:8-9 havuga hati: âUbuntu ni bgo bgabakijije kubgâukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, nâingabire yâImana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirira.â Iyo umuntu akijijwe, aba avutse ubwa kabiri, agahindurwa mu buryo bwâimpwemu, hanyuma agaca aba umwana wâImana biciye mu kuvuka ubugira kabiri. Kwizera Yesu Kristo, ari we yarishe igigiciro câivyaha igihe yapfa ku musaraba, ni bwo buryo bwo kuvuka âubwa kabiri.â âNuko rerâumuntu wese iyâari muri Kristo, aba arâicaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha!â (2 Abâi Korinto 5:17).
Ni waba utarizera Umwami Yesu Kristo nkâUmukiza wawe, ukwiye kwumvira akajwi ka Mpwemu Yera kakwongorera mu mutima wawe. Ukwiye kuvuka ubwa kabiri. Mbega woshobora gusenga isengesho ryo kwihana maze ukaba icaremwe gisha muri Kristo uyu musi ? âArikwâabamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana bâImana, ni bo bizeye izina ryiwe, ni bo batavyawe nâamaraso, canke nâukwifuza kwâumubiri, canke nâukwifuza kwâumugabo, ariko bavyawe nâImanaâ (Yohana 1:12-13).
Ni waba ushaka kwakira Yesu Kristo nkâUmukiza wawe kugira ngo uvuke ubwa kabiri, ngiri isengesho ryoroshe ushobora gusenga. Wibuke ko kuvuga iri sengesho canke irindi sengesho ubwaryo atari ryo rizogukiza. Ukwizera Yesu kwonyene ni kwo gushobora kugukiza ivyaha. Iryo sengesho ni uburyo gusa bwo kugaragariza Imana ukwizera kwawe no kuyishimira ko yaguhaye agakiza. Senga uti: âMana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye guhanwa. Yamara Yesu Kristo ni we yikoreye igihano nari guhabwa kugira ngo kubwâukwizera nshobore kuronka imbabazi. Nizeye wewe kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye ubuntu bwawe butangaje nâimbabazi zawe nâingabire yâubugingo budashira! Amen!”
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Kuba Umukristo yavutse ubwa kabiri bisobanura iki ? Ni gute novuka ubwa kabiri ?