Mbe Umukristo n’iki ?

Ikibazo Mbe Umukristo n’iki ? Inyishu Tugiye kuraba mu bitabo bisigura amajambo, Umukristo kenshi gisigurwa nk’umuntu yemeza Yesu kwari Kristo canke akurikira inyigisho ziwe. Naho arivyo, ntibisobanura neza ico kuba umu Kristo bisigura. Ijambo ’ Umukristo ’, rikoreshwa 3 mw’isezerano risha, (Ivyakozwe n’Intumwa 11 :26, 26 :28, 1 Petero 4 :16) kubera inyifato, ivyo bakora,…

Ikibazo

Mbe Umukristo n’iki ?

Inyishu

Tugiye kuraba mu bitabo bisigura amajambo, Umukristo kenshi gisigurwa nk’umuntu yemeza Yesu kwari Kristo canke akurikira inyigisho ziwe. Naho arivyo, ntibisobanura neza ico kuba umu Kristo bisigura. Ijambo ’ Umukristo ’, rikoreshwa 3 mw’isezerano risha, (Ivyakozwe n’Intumwa 11 :26, 26 :28, 1 Petero 4 :16) kubera inyifato, ivyo bakora, n’uko bavuga vyari vyose ishusho ya Yesu. Ijambo ’ Umukristo ’ risigura kuba ’ m’umugambwe wa Kristo ’ canke ’ uwizera (uwukurikira) Kristo ’

Birabaje kubona iko imyaka igenda ariko iryo jambo rita insiguro, rigakoreshwa nabi mu gusigura umuntu wu mu nye dini, canke afise amategeko akurikiza naho yoba, canke yoba atari, uwizera Yesu Kristo. Abenshi batanizera Yesu Kristo nk’Umukiza wabo biyita aba Kristo ubu, kubera bagenda mu misa canke baba mu bihugu vyitwa ko birimwo aba Kristu benshi. Ariko kugenda gusenga ntibikugira Umukristo kurya kurara aho bashira imiduga bitagutuma uhinduka umuduga !

Bibiriya iratwigisha yuko ibikorwa dukora bitadushoboza gushikira ubwiza bw’Imana canke bidashobora gutuma Imana itwakira. Tito 3 :5 haravuga ko Imana yadukijije : ’ itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk’ukw’imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha ugihundurwa basha na Mpwemu Yera.’ Kubwivyo Umukristo n’umuntu yamaze kuvuka ubwa kabiri avyawe n’Imana (Yohana 3 :3, Yohana 3 :7, 1 Petero 1 :23) kandi yashize ukwizera kwiwe muri Yesu Kristo. Abanyefeso 2 :8 baratubwira bati ’ ’ubuntu ni bgo bwabakijije kubg’ukwizera : navyo nyene ntivyavuye kuri mwebge n’ingabire y’Imana.’

Umukristo w’ukuri n’umuntu yamaze gushira ukwizera kwiwe muvyo Yesu Kristo yakoze, m’ugupfa n’ukuzuka kwiwe. Yohana 1 :12, baratubwira bati : ’ Arikw’ abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana. ’ Icerekana Umukristo wukuri n’urukundo afitiye abandi kandi n’ukwubaha kwiwe ku Mana (Yohana 2 :4,10). Umukristo w’ukuri n’umwana w’Imana, ari m’umuryango w’Imana kandi yahawe ubuzima busha na Yesu Kristo.

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.

[English]



[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]

Mbe Umukristo n’iki ?

Similar Posts

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.