Mbe Umukristo nâiki ?
Ikibazo Mbe Umukristo nâiki ? Inyishu Tugiye kuraba mu bitabo bisigura amajambo, Umukristo kenshi gisigurwa nkâumuntu yemeza Yesu kwari Kristo canke akurikira inyigisho ziwe. Naho arivyo, ntibisobanura neza ico kuba umu Kristo bisigura. Ijambo â Umukristo â, rikoreshwa 3 mwâisezerano risha, (Ivyakozwe nâIntumwa 11 :26, 26 :28, 1 Petero 4 :16) kubera inyifato, ivyo bakora,…
Mbe Umukristo nâiki ?
Tugiye kuraba mu bitabo bisigura amajambo, Umukristo kenshi gisigurwa nkâumuntu yemeza Yesu kwari Kristo canke akurikira inyigisho ziwe. Naho arivyo, ntibisobanura neza ico kuba umu Kristo bisigura. Ijambo â Umukristo â, rikoreshwa 3 mwâisezerano risha, (Ivyakozwe nâIntumwa 11 :26, 26 :28, 1 Petero 4 :16) kubera inyifato, ivyo bakora, nâuko bavuga vyari vyose ishusho ya Yesu. Ijambo â Umukristo â risigura kuba â mâumugambwe wa Kristo â canke â uwizera (uwukurikira) Kristo â
Birabaje kubona iko imyaka igenda ariko iryo jambo rita insiguro, rigakoreshwa nabi mu gusigura umuntu wu mu nye dini, canke afise amategeko akurikiza naho yoba, canke yoba atari, uwizera Yesu Kristo. Abenshi batanizera Yesu Kristo nkâUmukiza wabo biyita aba Kristo ubu, kubera bagenda mu misa canke baba mu bihugu vyitwa ko birimwo aba Kristu benshi. Ariko kugenda gusenga ntibikugira Umukristo kurya kurara aho bashira imiduga bitagutuma uhinduka umuduga !
Bibiriya iratwigisha yuko ibikorwa dukora bitadushoboza gushikira ubwiza bwâImana canke bidashobora gutuma Imana itwakira. Tito 3 :5 haravuga ko Imana yadukijije : â itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nkâukwâimbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha ugihundurwa basha na Mpwemu Yera.â Kubwivyo Umukristo nâumuntu yamaze kuvuka ubwa kabiri avyawe nâImana (Yohana 3 :3, Yohana 3 :7, 1 Petero 1 :23) kandi yashize ukwizera kwiwe muri Yesu Kristo. Abanyefeso 2 :8 baratubwira bati â âubuntu ni bgo bwabakijije kubgâukwizera : navyo nyene ntivyavuye kuri mwebge nâingabire yâImana.â
Umukristo wâukuri nâumuntu yamaze gushira ukwizera kwiwe muvyo Yesu Kristo yakoze, mâugupfa nâukuzuka kwiwe. Yohana 1 :12, baratubwira bati : â Arikwâ abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana bâImana. â Icerekana Umukristo wukuri nâurukundo afitiye abandi kandi nâukwubaha kwiwe ku Mana (Yohana 2 :4,10). Umukristo wâukuri nâumwana wâImana, ari mâumuryango wâImana kandi yahawe ubuzima busha na Yesu Kristo.
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbe Umukristo nâiki ?