Nâiki Umugambi wâagakiza/ Inzira ijana kugakiza ?
Ikibazo Nâiki Umugambi wâagakiza/ Inzira ijana kugakiza ? Inyishu Mbe wumva ushonje ? Atari mu buryo bwâumubiri ! Ariko uraba mu buzima bwawe, harico ubona kibuze kandi kidashobora kwuzuzwa nâivyisi ? Niyaba arivyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ngo â Ni jewe mutsima wâubugingo : uza kuri jewe ntasonza na mba, kandâunyizera nta…
Nâiki Umugambi wâagakiza/ Inzira ijana kugakiza ?
Mbe wumva ushonje ? Atari mu buryo bwâumubiri ! Ariko uraba mu buzima bwawe, harico ubona kibuze kandi kidashobora kwuzuzwa nâivyisi ? Niyaba arivyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ngo â Ni jewe mutsima wâubugingo : uza kuri jewe ntasonza na mba, kandâunyizera nta ho azogira inyota na mba â (Yohana 6 :35).
Mbe harivyo woba utumva ? Kuburyo udashobora gutora inzira ufata mâubuzima canke udatahura igituma uriho ? Mbe ubona vyoba bisa nkuko umuntu yoba yazimije amatara kuburyo udashobora gutora aho bakiriza ? Niyabaya bimeze bityo, Yesu niwe nzira ! Yesu yavuze ati : â Jewe ndâumuco wâisi, unkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco wâubugingo â (Yohana 8 : 12)
Mbe hahora hashika igihe ukumva monga ubuzima ntaco bumaze ? Woba waragerageje imiryango myinshi- ariko ivyo wasanzeyo ntivyujuje ubuzima bwawe ? Niyaba ari vyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ati : âNi jewe rembo, kandâushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha ,agaturuka, akaronka icanya. â (Yohana 10 :9)
Mbe ubona abandi bama bakwihinduka ? Imigenderanire ufatiniye nabo yoba ituzuza ubuzima bwawe ? Vyoba bimeze nkuko boba bashaka kugira ico bakuronseko ? Ni yaba aruko,Yesu ni we nzira ! Yesu yavuze ati : â Ni jewe mwungere mwiza ; umwungere mwiza yigura intama ziwe. Ni jewe mwungere mwiza ndazi izanje, nâizanje ziranzi.â (Yohana 10 : 11, 14)
Woba ufise amakenga kubijanye nâibizoza iyâisi imaze kuvaho, nâabayiriko ? Woba warambiwe no kubandanya wirukira ibintu ata co bimaze ? Woba wifuza kubaho inyuma yâugupfa kwawe ? Niyaba arivyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ati : â Ni jewe kuzuka nâubugingo. Unyizera nâiyo yoba yarapfuye, azobaho ; kandâuriho wese anyizera, ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira.â(Yohana 11 : 25-26)
Mbe woba uzi inzira, canke ukuri ? Woba wifuza kubaho ubuzima bwo ? Yesu arishura ati : â Ni jewe nzira nâukuri nâubugingo: ntawushika kuri Data ntamujanye.â(Yohana 14 :6)
Inzara wumva nâinzara iri ina muri wewe, Ishobora guhazwa nâImana gusa. Yesu niwe wenyene ashobora gukemura uwo mwijima. Niwe muryango ushikana ku buzima bwâukuri. Yesu niwe mugenzi kandi mwungere wamyâ wifuza. Yesu niwe Buzima- ubu nâibihe bidashira. Yesu niwe Nzira ishikana ku gakiza !
Igituma wumva ushonje, kandi monga ugendera mâumwijima canke igituma udashobora gutahura ubuzima ni kubera utagendana nâImana. Bibiriya iratubwira ko twese turi abacumuzi kandi kubwivyo tudashikira ubwiza bwâImana (Umusiguzi 7 :20, Abaroma 3 :23). Kubera twaremwe kugira tugire imigenderanire myiza hamwe nâImana, Iyo utandukanye nayo kubera Ivyaha vyawe, Ubuzima bwawe nta ntumbero buba bugifise. Kandi, tutaravye neza ivyo bicumuro birashobora kudutuma dutandukana nâImana ibihe bidashira (Abaroma 6 :23, Yohana 3 :36).
Mbe none twovyirinda gute ? Yesu ni we Nzira ! Yesu yatwikorereye ivyaha vyacu (AbâIkorinto 5 :21). Yesu yapfuye kubwacu (Abaroma 5 :8), ingero twebge twari dukwiye. Haciye Iminsi itatu, Yesu yazutse mu bapfuye, vyemeza intsinzi yiwe kâurupfu nâicaha (Abaroma 6 : 4-5). None kubera iki yoba yaremeye kubikora ? Yesu yarishuye avuga ati : â Nta wogira urukundo ruruta urwâukâumuntu yigura abakunzi biwe. â(Yohana 15 :13). Yesu yapfuye kugire twe tubeho. Dushize ukwizera kwacu mu gupfa no kuzuka kwiwe, ivyaha vyacu birahanagurwa. Aho niho rero dushobora guhazwa nâImana. Niho tuzoshobora kugendera mu muco ; kandi tukabaho ubuzima bushimisha. Tuzoshobora kumenye uwo mugenzi mpfampfe wacu, umwungere mwiza. Tuzoshobora kumenya ko dufise ubuzima budahera- hamwe na we mwâijuru !
â Kukâurukundo Imana yakunze abari mwâisi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo wâikinege, kugira ngâ umwizera wese ntaze apfe urupfu rubi, ariko ahabge ubugingo budashira â(Yohana 3 : 16)
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Nâiki Umugambi wâagakiza/ Inzira ijana kugakiza ?