Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nkâumukiza wawe ?
Ikibazo Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nkâumukiza wawe ? Inyishu Mbe woba waramaze kwakira Yesu Kristo nkâUmwami nâUmukiza wawe ? Kugira dutahure kino kibazo, nâivyiza ko tubanza gutahura ano majambo : â Yesu Kristo â, â Umukiza â, â Wawe â. Mbe Yesu Kristo nâinde ? Abantu benshi bokwemeza ko Yesu Kristo ari umuntu…
Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nkâumukiza wawe ?
Mbe woba waramaze kwakira Yesu Kristo nkâUmwami nâUmukiza wawe ? Kugira dutahure kino kibazo, nâivyiza ko tubanza gutahura ano majambo : â Yesu Kristo â, â Umukiza â, â Wawe â.
Mbe Yesu Kristo nâinde ? Abantu benshi bokwemeza ko Yesu Kristo ari umuntu mwiza, umwigisha ahambaye, canke umuvuga butumwa wâImana. Kandi ivyo nivyo vyose, ariko ntibishira ahabona ukuri kwuzuye kujanye nawe. Bibiriya iratubwira ko Yesu ari Imana yihaye umubiri (raba Yohana 1 :1,14). Iyo Mana yaje kuri ino si kugira itwigishe, idukize, idukosore, itubabarire- kandi idupfire. ! Yesu Kristo nâImana, Umuremyi, kandi Uhoraho agaba vyose. Woba waramwakiriye mâubuzima bwawe none ?
Nâiki â Umukiza â none ? Kubera iki noba ndamukeneye ? Bibiriya iratubwira yuko twese turi abacumuzi, kandi yuko twese tumaze gukora ibatanezereza Imana (Abaroma 3 :10-18). Kubwivyo, dukwiye ishavu nâuguhanwa kwâImana. Ingero yo, ijanye nâibicumuro vyacu, bibabaza Uhoraho Imana (ibaho ibihe bidashira) nâigihano nacone kitagira iherezo (Abaroma 6 :23, Ivyahishuriwe Yohana 20 :11-15). Ico nico gituma dukenera Umukiza.
Yesu Kristo yaje kuri ino si kugira apfe kubwacu. Urupfu rwa Yesu rwarishe ivyo twebge twari dukwiye kuriha kubera Ivyaha vyacu (2 AbâIkorinto 5 :21). Yesu yapfuye kugira ashobore kuriha ingero yâivyaha vyacu. (Abaroma 5 :28). Yesu yarishe ivyo twebge twari dukwiye kuriha. Ukuzuka kwiwe, kwerekanye yuko Urupfu rwiwe rwashoboye guhanagura Ivyaha vyâisi yose. Ico nico gituma Yesu ari We Mukiza Wenyene (Yohana 14 :6, Ivyakozwe nâIntumwa 4 :12) ! None, woba wemera ko Yesu arâ Umukiza ?
Mbe Yesu nâUmukiza wawe ? Benshi bibaza ko kuba umu Kristo ari kugenga gusenga, canke kwirinda ivyaha (bimwe bimwe) no gucumura. Ivyo sâubu Kristo. Kuba umu Kristo nyakuri nâukugira ubugenzi (canke imigenderanire) hamwe na Yesu Kristo. Kwakira Yesu nkâUmukiza wawe bisigura gushira ukwizera kwawe muri we. Ntanumwe ashobora gukizwa nâukwizera kwâabandi, canke mâugukora ibikorwa bimwe bimwe (nko gutanga). Ikintu co nyene gishobora gutanga agakiza nâukwakira Yesu (wewe nyene ubwawe) nkâUmukiza, ukizera ko mu gupfa kwiwe ivyaha vyawe vyahanaguwe hama mu kuzuka ko uzobana nawe ibihe bidashira (Yohana 3:16). None woba warakiriye Yesu nkâUmukiza wawe ?
Nâiyaba wifuza kwâakira Yesu mu buzima bgawe, Senga iri sengesho. Wibuke yuko gusenga gutya canke ukundi atarivyo bigukiza. Ni kwizera Yesu Kristo nububasha bgiwe bigukura mu vyaha vyawe. Vuga uti: â Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ndazi ko nkwiye igihano. Muga Yesu Kristo yikoreye ico gihano kubwanje, kugira ngo mâukumwizera nshobore guharirwa. Ndashize ivyizigiro vyanje kuri wewe Yesu, kugira ndokoke. Ndagushimira ku mbabazi nâubuntu ungiriye- nâubuzima budashira hamwe nawe ! Amen! â
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nkâumukiza wawe ?