Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe nâImana ?
Ikibazo Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe nâImana ? Inyishu Ikibazo : Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe nâImana ? Inyishu : Ijambo â guharira â risigura kugirira imbabazi uwari yagirijwe ikintu, bikamera nkuko ataco yakoze. Iyo tubabaje umuntu, turasaba imbabazi kugira ngo…
Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe nâImana ?
Inyishu :
Ijambo â guharira â risigura kugirira imbabazi uwari yagirijwe ikintu, bikamera nkuko ataco yakoze. Iyo tubabaje umuntu, turasaba imbabazi kugira ngo dusubire kwâumvikana.
Imbabazi ntizitangwa kubera umuntu abikwiye. Ntanumwe abikwiye ! Guharira nâigikorwa câurukundo, ubuntu nâimbabazi. Guharira nâ ugutora kurekurira uwundi yoba yakugiriye nabi, naho yoba yakubabaje cane.
Bibiriya iratubwira, yuko twese dukeneye imbabazi ziva ku Mana. Twese turabacumuzi.Umusiguzi 7 :20 havuga ngo: â Nâukuri nta mugororotsi ariho kwâisi akora ivyiza ntacumure â 1Yohana1 :8 nayâ iravuga â Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge â Ibicumuro vyose biza bigarariza Imana. Kubgivyo, turakeneye cane imbabazi zâImana. Ivyaha vyacu bidahariwe tukiri kuri ino si, tuzomara ubugingo budashira twishura ingero yavyo.
IMBABAZI- Mbega nozironka gute ?
Imana ishimwe, kubera iradukunda kandi yama itugirira ubuntu- ntiyigera iteba kuduharira ivyaha ! 2 Petero 3 :9 iratubwira: âUmwami Imana ntitebeje isezereno ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. â Imana yifuza kuduharira, kandi kubgivyo yaratanze uburyo.
Igihano câukuri kijanye nâivyaha vyacu nâurupfu. Igice ca mbere câAbaroma 6 :23 kiravuga ngo â Ingero yâicaha nâurupfuâ âUrupfu ibihe bidashira, nâ irwo twari dukwiye kubgâ ivyaha vyacu. Imana mu bwiza nâimigambi yayo, yaraje iba Muntu â Yesu Kristo (Yohani 1 :1-14). Yesu yapfira kâ umusaraba, azira ivyaha vyacu. Yaronse igihano twari kuronka- urupfu. 2 AbâIkorinto 5 :21, iratubwira â Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugoroka kwâImana â. Yesu yaradupfiriye kâumusaraba, kubgâivyaha vyacu. Kubera ari Imana, Urupfu rwâiwe rwaduhaye imbabazi twese, kwâisi yose.1Yohana 2:2 iravuga ngo â kandâuwo ni we mpongano yâivyaha vyacu, mugabo sâiyâivyacu twenyene,ariko nâiyâ ivyâabari mwâisi bose. â Ukuzuka kwa Yesu mu bapfuye, cabaye icete kizima cerekana Intsinzi yiwe kâurupfu nâicaha (1 AbâIkorinto15 :1-28). Imana ishimwe, mu rupfu no kuzuka kwa Yesu Kristo, igice ca kabiri câAbaroma 6 :23 kivuga ukuri â âIngabire YâImana nâubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami Wacu .â
Urashaka ko Ivyaha vyawe biharirwa ? Woba wumva muri wewe harico wiyagiriza ? Urashobora kuronka Imbabazi, ushize ukwizera kwawe muri Yesu Kristo nk âUmwami wawe. Abanyefeso1 :7 ivuga â Muri We ni ho duherwa gucungurwa nâamaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu,nkâukw itunga ryâubuntu bgayo riri â Yesu yaraturihiye ivyo twari dutegerezwa kuriha, kugira ngo dushobore guharirwa. Ico gusa utegerezwa gukora ni gusaba Imana ikaguharira iciye mu Mwana wayo Yesu, mu kwizera yuko Yesu yarishe iryo deni ryawe ; Kandi Imana iraguharira ! Yohana 3 :16-17 irimwo ubwo butumwa bwiza â Kuko urukundo Imana yakunze abari mwâisi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo uwâikinege, ngâumwizera wese ntâaze apfe rubi, arikwâahabge ubugingo budashira. KukwâImana itatumye Umwana wayo gucira abari mwâisi urubanza, ariko ngw abari mwâisi bakizwe nawe.â
Guharira- mbe vyoroshe nkuko tuvyumva ?
Ego vyororoshe gutyo ! ntushobora â gukorera â imbabazi zâImana- ntaco ushobora gutanga kugira uzironke. Ushobora kuzakira gusa, uciye mu kwâizera, ku buntu nu bwiza bgâImana. Nâiyaba wifuza kwâakira Yesu Kristo nkâumwami nâumukiza kugira uronke izo mbabazi zivuye ku Mana, Senga irisengesho. Wibuke yuko gusenga gutya canke ukundi atarivyo bigukiza. Ni kwizera Yesu Kristo nâububasha bgiwe bigukura mu vyaha vyawe. Vuga uti: â Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ndazi ko nkwiye igihano. Muga Yesu Kristo yikoreye ico gihano kubwanje, kugira ngo mâukumwizera nshobore guharirwa. Ndashize ivyizigiro vyanje kuri wewe Yesu, kugira ndokoke. Ndagushimira ku mbabazi nâubuntu ungiriye. Amen â
Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri”Nakiriye Yesu uno musi” munsi yaho.
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Woba Warahariwe ? Mbega no bigenza gute kugira ibicumuro vyanje vyose biharirwe nâImana ?