Ni igiki kiba inyuma yâurupfu ?
Ikibazo Ni igiki kiba inyuma yâurupfu ? Inyishu Abakristo benshi barazazanirwa nâivyerekeye ibikurikira inyuma yâurupfu rwâumuntu. Bamwe bigisha ko inyuma yâurupfu abantu bose âbasinziraâ gushika ku musi wâurubanza rwa nyuma, maze inyuma yarwo bamwe bakarungikwa mwâijuru abandi mu muriro. Abandi bizera ko mu gihe co gupfa ariho abantu baca bacirwa urubanza maze bakarungikwa aho bazoba…
Ni igiki kiba inyuma yâurupfu ?
Abakristo benshi barazazanirwa nâivyerekeye ibikurikira inyuma yâurupfu rwâumuntu. Bamwe bigisha ko inyuma yâurupfu abantu bose âbasinziraâ gushika ku musi wâurubanza rwa nyuma, maze inyuma yarwo bamwe bakarungikwa mwâijuru abandi mu muriro. Abandi bizera ko mu gihe co gupfa ariho abantu baca bacirwa urubanza maze bakarungikwa aho bazoba ibihe bidashira. Abandi nabo bemeza ko igihe abantu bapfuye, impwemu canke imishaha yabo ica irungikwa mwâijuru canke mu muriro âvyâimfatakibanzaâ kugira ngo zirindirireho ukuzuka kwa nyuma nâurubanza rwa nyuma, hanyuma babone gushika aho bazoba ibihe bidashira. None Bibiliya ivuga iki ku bishika inyuma yâurupfu ?
Ubwa mbere, duhereye ku bizera Yesu Kristo, Bibiliya itubwira ko inyuma yâurupfu impwemu/imishaha yâabapfuye bizera ijanwa mwâijuru, kubera ivyaha vyabo vyahariwe bamaze kwakira Kristo nkâUmukiza wabo (Yohana 3:16, 18, 36). Ku bizera, ugupfa ni âukuba i wacu ku Mwami wacuâ (2 Abâi Korinto 5:6-8; Abâi Filipi 1:23). Yamara, imirongo nka 1 Abâi Korinto 15:50-54 na 1 Tesalonike 4:13-17 irasobanura ingene abizera bazozuka hanyuma bakambikwa imibiri yâubwiza. None nimba abizera baja kubana na Kristo inyuma yâurupfu, none intumbero yâukwo kuzuka ni iyihe ? Biboneka ko impwemu/imishaha yâabizera ija kubana na Kristo inyuma yâurupfu, maze imibiri yabo ikaguma mu mva âisinziriye.â Mu gihe co kuzuka, umubiri uzozuka, uhabwe ubwiza hanyuma wongere ufatanywe nâimpwemu/umushaha. Uyo mubiri wongeye gufatanywa nâimpwemu/umushaha ni wo abizera bazogira mu bihe bidashira mwâijuru risha nâisi nsha (Ivyahishuriwe Yohana 21-22).
Ubugira kabiri, ku batarakira Yesu Kristo nkâUmukiza wabo, urupfu rusobanura igihano câibihe bidashira. Yamara nkâuko biri kuri kazoza kâabizera, nâabatizera nabo biboneka ko barungikwa ahantu baba bararindirira ukuzuka nâurubanza rwa nyuma hamwe nâibihe bidashira. Muri Luka 16:22-23 haratubwira ivyerekeye umutunzi yariko araseserezwa inyuma yâurupfu. Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15 haratwereka ingene abatizera bose bazozuka, bacirwe urubanza imbere yâintebe nini yera, hanyuma batabwe mu kiyaga caka umuriro. Kubwâivyo, abatizera ntibaca barungikwa mu muriro (ikiyaga caka umuriro) inyuma yâurupfu, ahubwo baja ahantu hâimfatakibanza barindiriye imanza no gucirwako iteka. Ariko naho abatizera badashoka barungikwa mu kiyaga caka umuriro, ibibashikira inyuma yâurupfu si ivyiza. Wa mutunzi yaraboroze ati: âKuko nseserejwe murâubu rubeyaâ (Luka 16:24).
Kubwâivyo rero, inyuma yâurupfu, umuntu aca aja kurindirira mwâijuru canke mu muriro hâimfatakibanza. Inyuma yâico gihe câimfatakibanza, mu gihe co kuzuka kwa nyuma, ibihe bidashira ku muntu ntibizohinduka. âIkibanzaâ nyezina câaho hantu azoba ibihe bidashira nico kizohinduka. Mu mpera, abizera bazokwinjizwa mwâijuru risha no mwâisi nsha (Ivyahishuriwe Yohana 21:1). Abatizera nabo bazorungikwa mu kiyaga caka umuriro (Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15). Ayo rero ni yo maherezo yâabantu boseâbifatiye ko bizeye Yesu Kristo bakaronka agakiza canke ko batamwizeye (Matayo 25:46; Yohana 3:36).
[English]
[Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi]
Ni igiki kiba inyuma yâurupfu ?